IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri: Ibwirizwa nshingiro ryateye impari

Misiri: Ibwirizwa nshingiro ryateye impari

lundi 24 Kigarama 2012

Mu gihugu ca Misiri haratunganijwe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro,amatora atemewe n’abatavugarumwe na Reta kuko bavuga ko yibwe.

Ibice vyababa bibiri vya bitatu vy’abatoye vyaremeje ibwirizwa nshingiro mu gihugu ca Misiri ibwirizwa nshingiro ryavuzweko vyinshi inyuma aho bibonekeye ko riza rishigikira cane umugambwe w’aba frères musilmans usanzwe uri ku butegetsi ibi bikaba vyatumye abatavuga rumwe na reta ya misiri bagira imyiyerekano bahakana iryo bwirizwa nshingiro.

Ivyo biri uko mu gihe umugambwe w’aba frères musulmans ari nawo uvamwo umukuru w’igihugu Mohamed Morsi n’ibimenyeshamakuru vya reta vyamenyeshejeko abatora bashika ibice 64 kw’ijana bemeje iryo bwirizwa nshingiro. Kubwo abari mu mugambwe w’aba islam,ayo matora akaba yitabwe n’abantu bangana ibice 32 kw’ijana bakaba bemeza ko abanyamisiri babandanya igikorwa cabo co gushinga reta ishingiye ku ntwaro rusangi, bakaba bamenyesha kandi ko amatora y’ abashingamateka azoba inyuma y’amezi abiri aya y‘ibwirizwa nshingiro arangive.

Kubwa Saad el-kalalni arongoye umugambwe w’ubwigenge n’ubutungane PLJ igisata ca politike c’umugambwe w’aba frères musilmans ngo, basaba abanyamigambwe bose kugira baronderere hamwe igihe kizoza kandi ngo akaba yizeye ko bazoshika ku bintu vyiza. Ibi rero biri ukwo mu gihe mu mugambwe Front du Salut National FSN akaba ari nawo mukuru muyitavuga rumwe na reta bamenyeshako ayo matora akwiye gusubirwamwo mu gihe ngo yaranzwe n’ubusuma bwinshi, abandanije amenyeshako bamaze gushikana ico kibazo mu butungane kuko batokwemera gukorera kw’ibwirizwa nshingiro ritagira agaciro,aha rero umugambwe FSN ukaba ubandanya umenyeshako aya matora ari urugamba rwo kwiyamiriza reta irongowe na Morsi. Abatavuga rumwe na reta bakaba bamenyesha ko iri bwirizwa riha ububasha burenze idini rya Islam ngo rikaba mbere rihonvanga ubwigenge bw’abatari bake.

Aha rero twobameneshako mu gihe iri bwirizwa ryerekana igikorwa c’icegera c’umukuru w’igihugu,Mahmoud Mekki vari asanzwe ari icegera ca Morsi yamenyesheje ko atanze imihoho.Aha tereviziyo ya reta yahavuye ibeshuza inkuru yavuga ko n’umukuru wa banki nkuru y’igihugu yari yatanze imihoho kuri uyu wa gatandatu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.