Accueil > Amakuru > Mu makungu > Moscou: Abantu 38 bahitanywe n’umuriro
 Moscou: Abantu 38 bahitanywe n’umuriro
 Moscou: Abantu 38 bahitanywe n’umuriro
				
				vendredi 26 Ndamukiza 2013
Abantu bagera kuri mirongo itatu n’umunani, harimwo n’abarwayi, nibo bapfuye bivuye ku mucanwa wadutse mw’ijoro ryo kuwa kane rishira uwa gatanu, igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2013 , ku bitaro vy’abarwaye mu mutwe i Ramenski. Bamwe bakaba barabuze ingene basohoka abandi bazibirwa n’imiryango y’ivyuma yo kuri ivyo bitaro.
Amakuru ava mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu amenyesha ko muri ivyo bitaro vy’abarwayi mu mutwe, hariyo abantu bagera kuri 41, ni ukuvuga abarwayi mirongo 38 n’abakozi baho 3. Ariko muri abo bantu bose bagera kuri 41, batatu bonyene nibo bashoboye kurokoka. Abajejwe gutabara abashikiwe n’impanuka bakuye muri iyo nyubakwa imivyimba y’abantu bagera kuri 12, baranashoboye kuzimya uwo muriro.
Abarwayi boba bapfuye bariko bagerageza kwirwanira. Kuko umucanwa wari mwinshi, ntivyakunze ko basohoka. Amadirisha yarakingiriwe n’ivyuma vyo mu bwoko bwa Acier bituma atagicaruka, abandi bahiriye mu buriri baryamye. Ivyo tubimenyeshwa n’itororokanirizo ry’amakuru Itar-Tass.
Bimwe muvyikekwa ko vyoba vyaratumye uwo mucanwa waduka zoba ari intsinga z’umuyagankuba zashizweho nabi muri iyo nyubakwa, canke naho bikeka ko iryo bara ryoba ryateguwe n’inkozi z’ikibi.
Amatohoza akaba yatangujwe muri iryo joro nyene. Abatowe kuja kuvyiga bakaba bahawe igikorwa co gutohoza vy’ukuri ico iyo mpanuka yavuyeko.
Egide Nduwimana
