Accueil > Amakuru > Mu makungu > Muri ONU, u Rwanda rwemeje ko ICC ari igikoresho ca Politike
 Muri ONU, u Rwanda rwemeje ko ICC ari igikoresho ca Politike
 Muri ONU, u Rwanda rwemeje ko ICC ari igikoresho ca Politike
				
				mardi 16 Ndamukiza 2013
Urwanda ruyoboye akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU , gashinzwe umutekanao  kuva muri Ndamukiza 2013,ruvuga ko sentare mpuzamakungu mpana vyaha y’Irahe aho gutanga ubutungane ,bwahindutse igikoresho ca politike y’ibihugu bimwe bimwe gukurikirana bamwe.
Mu Kanama ka ONU gashinzwe amahoro kw isi, kuri uyu wa Mbere itariki ya 15 Ndamukiza 2013, inyuma y’ikiganiro Umushikiranganji w’ugufashanya w’u Rwanda, Louise Mushikiwabo yatanze ku gukemura ukutumvikana  muri Afirika, yavuze ko Ibiro Ntaramakuru vy’Abafaransa AFP ko igihe kigeze ngo ibihugu vy’uburengerazuba bihagarike gutunga urutoke  Afirika.
Mushikiwabo yagize ati ”Aho kugira ngo rutunge urutoke Afirika,nyabuna  ni ruce umuco wo kudahana, kuko ICC yahindutse igikoresho ca Politike,turibaza ko Afirika n’ibihugu vy’Amajaruguru, tugomba kwicara tukagiranira ibiganiro ku bucamanza mpuza makungu.”
Ibi bije bikurikira impari zivugwa mu Kanama ka ONU gashinzwe umutekano kwisi, aho bimwe mu bihugu bishigikiye sentare yi Lahe bikomeza  gutunga urutoke u Rwanda ko rugamije kubangamira gushima sentare mpanavyaha mpuzamakungu mu nama rwateguye ivuga ko “Kwirinda intambara ku mugabane w’Afirika.”
U Rwanda rwabandanije kunegura cane sentare ya ICC ndetse na sentare Mpuzamakungu  Mpanavyaha yashyiriweho u Rwanda rukorera Arusha (TPIR) .
Mw’ itangazo ryashizwe ahagaragara kuwa 15 Ndamukiza  2013  inyuma y’inama ya ONU, yavugaga ko gutorera umuti ukutumvikana muri Afirika ; yari irongowe  n’Urwanda, bimwe vyumva ko hataburamwo ingingo ivuga imigwi y’imanza mpuzamakungu mpanavyaha yi Lahe, vyabenyesheje  ko bitanezerejwe nukubona   ICC idashimirwa k’ubikorwa vyayo.
AFP ivuga ko itangazo ryashizweko imikono n’ibihugu 15 bigize akanama k’umutekano muri ONU, bemeje ko hagomba kubaho uburyo bwo guhana abakoze ivyaha vy’intambara, ihonyabwoko, ivyaha vyo kutubahiriza agateka ka zina muntu, n’ibindi vvaha bikomeye ; ariko nta sentare yamenyeshejwe ko ariyo ishinzwe ku bikurikirana.
Gerard Araud,aserukira  u Bufaransa muri ONU yagize ati “Tubabajwe n’uko ataho bagaragaje ICC”icakabiri c’ibihugu vy’Afirika vyashize umukono ku masezerano y’Iroma ashiraho icc,ariko urwanda rwo rwanse kuyashirako umukono.
Mu kanama gashinzwe umutekano kagizwe na Argentine, Australia, u Bwongereza, u Bufaransa, Guatemala, Luxembourg na Koreya y’amaja epfo biri ku ruhande rushigikiye ibikorwa vya ICC, kuruhara rwo kudaheba umuco wo kudahana ku vyaha vy’intambara.
Aristide Nizigire

