Accueil > Amakuru > Mu makungu > NASA yifuza gukorana urugendo na Justin Bieber
 NASA yifuza   gukorana urugendo na Justin Bieber
 NASA yifuza   gukorana urugendo na Justin Bieber
				
				mercredi 27 Ruhuhuma 2013
Indoto y’umuririmvyi w’umunyamerika Justin Bieber, ni gukorera igiteramo mu kirere. Ico ni icipfuzo yashikirije ku muhora ngurukanabumenyi wa Twitter.
Yanditse akoresheje aya majambo: "Ndashaka gukorera igiteramo mu kirere"
Ivyo yabishikirije atiteze ko ashobora kwizerwa n’ikigo c‘abanyamerika Nasa kijejwe ibirere.
Muri Nasa bamubwiye bati: "Birashoboka ko twobigufasha"
Jean Michel Ndayikengurutse

