Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeria : Abantu bagera ku 150 nibo bishwe mu ndwi imwe
 Nigeria : Abantu bagera ku 150 nibo bishwe mu ndwi imwe
 Nigeria : Abantu bagera ku 150 nibo bishwe mu ndwi imwe
				
				mardi 8 Ndamukiza 2014
Abantu 150 nibo bishwe mu mpera z’iyi ndwi mu bitero vyabaye mu turere dutandukanye nko mu buraruko bushira uburengero, hamwe n’uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, igihugu ca mbere gifise abantu benshi muri Afrika.
Muri karere bita Zamfara, igitero cahitanye abantu bashika 105 ku munsi wa mbere. Husseini Adamu asanzwe ari umukuru muri ako karere, aremeza ivyo biharuro.
Abantu bitwaje ibirwanisho bagera kw’ijana barinjiye muri ako karere baratera mu kiringo c’amasaha atatu. Abashika kuri 40 baciye bahambwa kuri uno w’Imana. Hari n’abandi 25 bishwe ku munsi wa gatandatu mu gitero cabaye ahitwa i Gwoza.
Icegera ca buramatari w’ako karere, Abubakar Ali, mu gihe yari agiye kugendera ku bacitse kw’icumu muri ico gitero yarateye ivyatsi ivyo bitero, aho mbere yamenyesheje ko ababajwe cane n’ukubona ako karere ubuzima bw’abantu batari bake butakara muri ako karere, hamwe n’ibindi bintu vyahononekariye.
Yaciye yemera ko Reta ica ishinga umurwi mushasha kugira abanyagihugu basubire mu mihana yabo, hamwe no kuraba ivyahononekariye ingene bingana, hamwe n’imfashanyo ikenewe.
Floxella Karire
