IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeriya : Abasirikare 54 baciriwe urubanza rwo gupfa

Nigeriya : Abasirikare 54 baciriwe urubanza rwo gupfa

jeudi 18 Kigarama 2014

Abasirikare bagera kuri 54 baciriwe urwo gupfa mu gihugu ca Nigeriya. Impamvu y’urubanza baciriwe n’uko banse kuja ku rugamba rwo kurwanya umurwi wa Boko Haram ugisibije. Bavuga ko batagira ibikoresho bikwiye kugira bahangane n’uwo murwi.

JPEG - 48.3 ko
Bamwe mu basirikare baciriwe urwo gupfa

Nk’uko bivugwa na Femi Falana ari mu baharanira agateka ka zina muntu aho muri Nigeriya, abasirikiare bagera 54 baciriwe urubanza rwo gupfa. Abo rero bazize ko banse kuja ku rugamba rwo kurwanya umurwi wa Boko Haram ugisibije mu buseruko bushira uburaruko bwa Nigeriya. Hari n’ibisagara bitari bike vyigaruriwe n’uwo murwi.

Abo basirikare baciriwe urwo rubanza bisigura bavuga ko banse kuja ku rugamba kubera ata bikoresho vya gisirikare bikwiye bafise kugira bahangane n’uwo murwi w’iterabwoba. Abo nyene bavuga ko abarwanyi ba Boko Haram bafise ibirwanisho vya rutura nk’ibiduga vy’intambara bita ama "chars, Lances-roquettes" hamwe n’ibindi bikoho bikomeye. Bavuga ko babuze n’uburyo bwo gukoresha inkoho iri mu bwoko bwa AK-47.

Inyuma yaho, umurwi wa Boko Haram wifatiye ibisagara bitari bike vyo mu buseruko bushira uburengero, igisirikare ca Nigeriya cari cemeje ko kigiye kugarura ubwo burere bwose. Ico gikorwa nticoroshe kuko abasirikare bariko baranka kuja kwitega abarwanyi ba Boko Haram. Abenshi muri abo basirikare bari mw’ikambi yahawe igikorwa co kugaruza ibisagara bitatu vyo mu ntara ya Borno mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’i 2014.

Urwo rubanza rwakatiwe abo basirikare kugira ruje mu ngiro ruzobanza kwemezwa n’ibihangange mu basirikare ariko rero gushika ubu nta kintu na kimwe kirerekana ko abasirikare bo mu rwego rwo hejuru ataco baravuga ku vyerekeye urwo rubanza.

Mwomenya ko umurwi wa Boko Haram watanguye kwiyerekana mu mwaka w’i 2009, intambara zagiye zarabahuza n’abasirikare b’igihugu zimaze guhitana ubuzima bw’abantu bagera ibihumbi 10 000 hamwe n’abagera ku bihumbi 700 000 bateshejwe izabo. Muri ayo mezi aheze, bivugwa ko Boko Haram imaze kwigarurira uburere butari buke bwo mu buseruko bushira uburengero bwa Nigeriya.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • murumva ubgo bgansi ga basha !!?gupfa kuberako wanse kugwana nuwugusumvya ubushobozi.""abo basilikale ntibazopfa kandi ntibazofungwa ndavyanse""nijewe mbivuze mw’izina rya Yesu Kristo"amen

  • MBEGA IGIHANO COGUPFA BACANKIGWA AHA AHANDI BAKACEMEREGWA NIBIRABWE NEZA MBEGA ABARUCIYE BO NTIBOJA IMBERE MUKUJA KUGWANYA UMWANSI BARANGIZA URUGAMBA BAKABONA GUTUNGA URUTOKE ABOBITA ABANEBWE MUGISODA CANIJERIYA IGIHUGU SICABASODMBEGA IGIHANO COGUPFA BACANKIGWA AHA AHANDI BAKACEMEREGWA NIBIRABWE NEZA MBEGA ABARUCIYE BO NTIBOJA IMBERE MUKUJA KUGWANYA UMWANSI BARANGIZA URUGAMBA BAKABONA GUTUNGA URUTOKE ABOBITA ABANEBWE MUGISODA CANIJERIYA IGIHUGU SICABASODMBEGA IGIHANO COGUPFA BACANKIGWA AHA AHANDI BAKACEMEREGWA NIBIRABWE NEZA MBEGA ABARUCIYE BO NTIBOJA IMBERE MUKUJA KUGWANYA UMWANSI BARANGIZA URUGAMBA BAKABONA GUTUNGA URUTOKE ABOBITA ABANEBWE MUGISODA CANIJERIYA IGIHUGU SICABASODMBEGA IGIHANO COGUPFA BACANKIGWA AHA AHANDI BAKACEMEREGWA NIBIRABWE NEZA MBEGA ABARUCIYE BO NTIBOJA IMBERE MUKUJA KUGWANYA UMWANSI BARANGIZA URUGAMBA BAKABONA GUTUNGA URUTOKE ABOBITA ABANEBWE MUGISODA CANIJERIYA IGIHUGU SICABASODA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.