Accueil > Amakuru > Mu makungu > Obama yatanguye ibiganiro n’abanyaburaya
 Obama yatanguye ibiganiro n’abanyaburaya
 Obama yatanguye ibiganiro n’abanyaburaya
				
				mardi 18 Ruheshi 2013
Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika hamwe n’abarongozi bakomoka mu bihugu vya Buraya bahuriye mu gihugu ca Irlande y’Uburaruko kuri uyu wa mbere aho bavugana ku masezerano y’ubudandaji mu ntumbero yo kwagura ukwishira n’ukwizana kw’ibidandazwa kw’isi.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron yamenyesheje abamenyeshamakuru arikumwe na Obama, intango y’ivyo biganiro hagati y’ibihugu vya buraya na Amerika. Kubwa David ngo bavyumvikanyeko hazoshobora gutanga akazi ku bantu barenga imiriyoni zibiri ibintu mu maduka yabo bigabanure ibiciro. Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Barack Obama, yemeje kandi ko n’inyungu nini mu butunzi ko izoboneka.
" Nkuko yabandanije abivuga, ngo ivyo biganiro ntibizoba vyoroshe ariko ndazi ko bizokunda. Yavuze ko ibiganiro nyezina vya mbere bizobera i Washington muri Mukakaro. Ivyo biganiro vyatangujwe na Cameron, Oboma, umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya Herman Van Rompuy, umshikiranganji wa mbere w’igihugu c’ubudagi José Manuel Barroso,Angela Merkel,umugore w’ umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande, hamwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano Enrico Letta
Prosper Ndayikeza
