Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU itegeka ko intambara zihagarara bidatevye muri Siriya
 ONU itegeka ko intambara zihagarara bidatevye muri Siriya
 ONU itegeka ko intambara zihagarara bidatevye muri Siriya
				
				mercredi 10 Myandagaro 2016, par
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba ko intambara ziriko zibera mu gisagara ca Aleppo muri Siriya zihagarara bidatevye.
ONU yatangaje kuri uwu wa kabiri ko abanyagihugu barenga imiriyoni zibiri bari mu kangaratete aho batagira amazi canke umuyagankuba.
Mu gihe abarwanya Reta ya Siriya babandanya gusagiriza abasirikare ba Reta muri Aleppo, abakora muvy’amagara y’abantu babwiye abakozi ba ONU ko ico gisagara gisigaye ari umusaka.
 
VOA ivuga ko ku musi wa mbere abategetsi b’igisata ca ONU kijejwe gutanga imfashanyo basavye ko intureka zohagarara kugira babashe gukora amazi hamwe n’umuyagankuba vyasambuwe n’ingwano yabaye mu ndwi iheze.
Uwuserukira Amerika muri ONU, Samantha Power, yashikirije ko afise amakenga ku rugero izo ntambara zigezeko, mu kuvuga ko n’aho babandanya barwana ata n’umwe mu mpande zishamiranye agiye gutsinda muri ico gisagara ca Aleppo.
Samantha Power amenyesha ko uko intambara zibandanya ariko abanyagihugu biyongera kwugarizwa hagati y’imishamirano kandi babandanya kugira ingaruka mbi zirenze urugero.
IGIHE

Messages
10 Myandagaro 2016, 16:58, par CAKIRA
samanta nawee!ndasubiriye kumwumva?iryo shano?