Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU: Syria ikwiye gufashwa bimwe biboneka
 ONU: Syria ikwiye gufashwa bimwe biboneka
 ONU: Syria ikwiye gufashwa bimwe biboneka 
				
				vendredi 7 Ruheshi 2013
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirasaba rishimitse ko amafaranga akoreshwa muri Syria muri uyu mwaka yokwongerezwa.
Ako kamo ka ONU kavurwa ko ariko aka mbere gakomeye kuva itanguzwa ni ako gusaba imiliyaridi zine z’ama dolare ziyongera ku muliyaridi umwe yari yasabwe gukoreshwa uyu mwaka.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritegekanya ko igitigiri c’impunzi z’abanya Syria n’abandi bakeneye imfashanyo bari mu gihugu kizokwiyongera cane.
Ako kamo ko kurondera imfashanyo gatewe inyuma y’iminsi ibiri gusa higijweyo ibiganiro vy’amahoro vyari bitegekanijwe kuri Syria.
Isango rya hafi rishoboka kuri ivyo biganiro rishobora kugera hafi hashoboka mu kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka turimwo.
Egide Nduwimana
