Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistan: Perezida Musharraf yagarutse mu Igihugu ciwe
 Pakistan: Perezida Musharraf  yagarutse mu Igihugu ciwe
 Pakistan: Perezida Musharraf  yagarutse mu Igihugu ciwe
				
				dimanche 24 Ntwarante 2013
Umurwi w’abasirikare b’abakomando bafise ibirwanisho wasanze Musharraf ku kibuga c’indege ca Karashi, avuye Dubai.
Imyiyerekano yariyategekanijwe mur’uwo muji yasibijwe.
General Musharraf yitegurira kuyobora umugambwe wiwe mu matora yo mukwa gatanu.
Abasirikare 17 bahitanywe n’igitero c’umwiyahuzi mu buraruko bushira uburengero mw’ijoro ryakeye.
Umutwe w’aba Taliban uheruka gusohora amasanamu ya video, ugabisha Musharraf ko ashobora kwicwa arashwe canke ahitanywe n’igisasu c’umwiyahuzi.
General Musharraf akurikiranwaho ibirego vyinshi birimwo uruhara mu bwicanyi.
Ariko ku munsi wa gatanu yahawe n’ubutegetsi bwa Pakistan uburenganzira bwo kwidegenvya no gukingirwa.
Vyatumye ingingo yo gushoka afatwa agikoza ibirenge ku butaka bwa Pakistan ita agaciro.
Mu vyo arerwa harimwo ko yananiwe gukingira indongozi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi Benazir Bhutto igihe yagaruka avuye mu buhungiro mu 2007.
Joel Sengurebe

