Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani: Amatora rusangi yaranzwe n’ubwicanyi
 Pakistani: Amatora rusangi yaranzwe n’ubwicanyi
 Pakistani: Amatora rusangi yaranzwe n’ubwicanyi
				
				dimanche 12 Rusama 2013
Muri Pakistani biriwe ku musi wa gatandatu mu matora rusangi nyuma y’ukwiyamamaza kwaranzwe n’ubwicanyi hirya no hino mu gihugu.
Ubwo bwicanyi bwabandanije kuri uwo munsi w’amatora, igipolisi mu gisagara ca Karachi kikavuga ko abantu cumi n’umwe bishwe abandi mirongo ine barakomereka igihe haturika igisasu imbere y’ibiro vy’umugambwe, Awami National Party.
Umuntu umwe yarahasize ubuzima mu kurasana kwabereye imbere y’ibiro vy’amatora biri hafi y’urubibe na Afghanistan.
Abandi bantu bakomerekeye mu kindi gitero cabereye mu gasagara ca Peshawar.
Ariko umugwi ujejwe gutegura  amatora uvuga ko amatora yitabiriwe ku buryo bushimishije naho aba Taliban bari bagabishije ko baza gukora ibara.
Egide Nduwimana
