Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani:Mullah Nazir umukuru w’intagondwa z’aba Islam yishwe
 Pakistani:Mullah Nazir umukuru w’intagondwa z’aba Islam yishwe
 Pakistani:Mullah Nazir umukuru w’intagondwa z’aba Islam yishwe
				
				jeudi 3 Nzero 2013
Amakuru aturuka muri Pakistani aravuga ko umwe mu bayobozi b’intagondwa z’aba islamu, Mullah Nazir, yaguye mu gitero c’indege z’abanyamerika zitarimo umupiloti.
Abategetsi ba Pakistani batangaje ko uwo mugabo yahitanywe n’ibisasu vya misile vyarashwe ku muduga wiwe mu karere ka Waziristan yepfo, hafi y’umupaka n’igihugu ca Afghanisitani binakomeretsa n’izindi ntagondwa nimiburiburi zitanu.
Mullah Nazir yari yarakomerekejwe n’igisasu mu kwezi kwa 11 gishobora kuba caratewe n’ukutumvikana guke yari afitaniye n’abandi bayobozi b’abarwanyi b’intagondwa z’aba islamu.
Umunyamakuru wa BBC ari muri Pakistani aravuga ko uwo mugabo yari afise uruhara runini cane mu kurondera abarwanyi bagaba ibitero ku ngabo mpuzamakungu zirongowe n’abanyamerika muri Afghanistani
Marie Claire Ingabire

Messages
23 Ntwarante 2013, 23:41
I’ve been reading your blog off and on for a while and rellay enjoy it! Had to comment LOVE that you’re sponsoring a child through World Vision! I’m running the Chicago marathon for World Vision on Sunday! It’s an amazing organization doing so many wonderful things!!