IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Perou : Ibihugu 195 vyemeranije uko vyokomeza kugabanya ubushuhe (...)

Perou : Ibihugu 195 vyemeranije uko vyokomeza kugabanya ubushuhe bw’isi

dimanche 14 Kigarama 2014

Ibiganiro ku kibazo c’ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi vyatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Peru vyarengeje ikiringo vyagenewe kuko hari habaye ukutumvikana.

Abitavye iyo nama bariko baragerageza gushika ku mwumvikano w’icokorwa kugira harwanywe kwiyongera kw’ubushuhe kw’isi. Ivyagoranye ko bumvikanako akaba ari nk’ikijanye n’utwigoro twokorwa n’ibihugu vyifise hamwe n’ibiri mu nzira y’amajambere. .

Ibihugu bisohora ivyuka vyinshi bituma ubushuhe bwiyongera kw’isi nka Amerika n’ibihugu vyo mw’ishirahamwe rya Buraya, bishaka ko kwiyemeza kugabanya ivyo vyuka vyokorwa mu ntango z’umwaka uza. Ariko kandi bishaka kwongereza igitigiri c’ibihugu bitegerezwa gufata izo ngingo zo kugabanya ivyo vyuka. Ibihugu biriko biratera imbere birimwo Ubuhindi n’Ubushinwa, ntibishaka iyo ngingo.

Ariko rero ku mugoroba wo kuri uno wa gatandatu bahavuye bahuriza hamwe ko igihugu cose kigiye kugira utwigoro dusanzwe. Muri ivyo biganiro bakaba bemeranije ko igihugu cose kigiye gukora umugambi waco mu vyerekeye kugabanya ivyuka vyongereza ubushuhe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.