Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippines yasavye imfashanyo amakungu
 Philippines yasavye imfashanyo amakungu
 Philippines yasavye imfashanyo amakungu
				
				lundi 11 Munyonyo 2013
Abasize ubuzima bwabo mu mpanuka y’igihuhusi iheruka kuba mu gihugu ca Philippines gushika ubu baharurwa mu bihumbi. Bamwe muribo bariko bahambwa mu binogo rusangi.
Abasirikare ba Philippines bariko bakoresha indege mu gutwara imirwi ijejwe gutabara n’ibindi vyankenerwa vyihuta mu turere twasinzikaye kurusha ahandi muri ico gihugu.
N’igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika caratanze za kajugujugu ziriko zirakoreshwa muri ivyo bikorwa.
Imfashanyo zirabandanya gutangwa n’ibisata bitandukanye. Ishirahamwe rya Buraya ryatanze imiliyoni zine z’ama dorare y’abanyamerika y’imfashanyo yihuta.
Umukuru w’igihugu Beningo Aquino yagendeye igisagara ca Tacloban, ari naco casinzikaye kurusha ahandi. Muri urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu Beningo Aquino, yamenyesheje ko mu bikorwa biri imbere, icihutirwa ari ukugarura umuyagankuba hamwe n’uburyo bwo gutumatumanako amakuru.
Egide Nduwimana
