Accueil > Amakuru > Mu makungu > Poutine ku rutonde rwa mbere rw’abakomeye kw’isi imbere ya Obama
 Poutine ku rutonde rwa mbere rw’abakomeye kw’isi imbere ya Obama
 Poutine ku rutonde rwa mbere rw’abakomeye kw’isi imbere ya Obama
				
				mardi 5 Munyonyo 2013
Nk’uko vyama bikorwa ku mwaka ku mwaka mu kwerekana ubusumbasumbane bw’abantu 72 bakomakomeye mukurutarutana kwabo bivuye kuvyo baba bababonyeko, ikinyamakuru gisohoka ku ndwi « Forbes », mu rutonde giheruka gusohora, Vladimir Poutine, umukuru w’igihugu c’Uburusiya, aza imbere ya Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.
Muri urwo rutonde, ikinyamakuru Forbes kikaba cisunze icuka cari kimaze iminsi kivurwa ko igihugu ca Siriya kigiye guterwa. Vladimir Poutine akaba ariwe yashoboye kuza imbere ya Barak Obama mu gufasha kugarukana umutekano mu gihugu ca Siriya, kuko yari no mu banse ko ico gihugu coterwa, mu gihe Barack Obama we yari mu bashigikiye ko coterwa.
Vladimir Poutine, umukuru w’igihugu akomeye kw’isi yose, izina ryiwe rikaba rinajanye n’icubahiro afise mu gihugu ciwe c’Uburusiya.
Ubuhinga bwiwe mu bijanye no kwinonora imitsi bukaba bumenyerewe kandi bwemewe mu gihugu ciwe kurusha inyuma y’igihugu arongoye. Ikinyamukuru gisohoka ku ndwi Forbes kivuga mu vy’ukuri ko casohoye urutonde, gisigura ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Poutine yatsimbataje umutekano mu gihugu, kandi ko yanavyifashemwo neza igihe igihugu ca Siriya cariko gica mu kiringo kitiroshe.
 
- Umurwizatunga Aliko Dangote
Barack Obama, kuba yarashizwe mu kibanza ca kabiri, bikaba vyavyuye ku bimaze iminsi bivurwa mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika, aho mu gisata c’umutekano muri ico gihugu, arico NASA habaye ugusuma urusaku mu bindi bihugu bitarekuwe, mu gisata c’ubutunzi, inzego zitashoboye gukemura ikibazo bica bituma igihugu cugarizwa n’ubukene, ubukene bwanamaze n’igihe kirekire muri ico gihugu, ibiro vyose bigengwa na Leta birugarwa mu kiringo c’iminsi 16. No mu gisata c’amagara y’abantu hakaba haribonekeje utunenge.
Kubwa Forbes, utwo tunenge twose twigaragaje muri Leta nzunze ubumwe za Amerika, turi muvyatumye Barack Obama aza mu kibanza ca kabiri, inyuma ya Vladimir Poutine. Mu gihe Barak Obama yaratanguye ikiringo ciwe ca kabiri co gutwara igihugu, utwo tunenge turi mu vyerekana ko yoba asa n’uwugira akurwe ku rutonde.
Ikinyamakuru Forbes gisanzwe kigira urutonde ku mwaka ku mwaka rw’abantu 72 cisunze ibintu bine : igitigiri c’abantu bafiseko ububasha, ubutunzi bagaba ubwaribwo, aho batwara ingene hangana, n’ingene barongora aho batwara kugira bahindure isi, hamwe n’imiriyaridi 7,2 z’abantu barongoye.
Muri uno mwaka w’2013, Papa Fransisko akaba ariwe yatwaye ikibanza ca gatatu, uwo nawe akaza inyuma ya Xi Jinping, umukuru w’igihugu c’Ubushinwa, aho uwo nawe aca imbere Angela Merkel, umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubudagi aza mu kibanza ca gatunu mu rutonde rw’uno mwaka.
 
- Angela Merkel
François Hollande nawe, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa uno mwaka akaba yarasubiye inyuma, aho yavuye ku kibanza ca 14 aja mu kibanza ca 18. Christine Lagarde, umuyobozi mukuru w’ikigega mpuzamakungu FMI, we akaba yarateye imbere ugereranije n’umwaka w’2012. Muri Afrika uwuza imbere muri urwo rutonde rwa Forbes, n’umunya Nigeriya w’umurwizatunga azwi kw’izina rya Aliko Dangote aza mu kibanza ca 64 kw’isi yose.
 
- Umurwizatunga Aliko Dangote
Mariella Bukuru

Messages
6 Munyonyo 2013, 00:35
murakoze kutwama hafi
8 Munyonyo 2013, 15:09, par Coldman’Zi
Nta vyinshi nza kuvuga ku vyerekeye ivyo bihangange vy’isi, Uburusiya na Amerka. Nibaza ko ivyo bihugu uko ari bibiri biza imbere bivanye n’ingorane ziri muri Siriya, Amerika yashaka gutera n’uko Bashar El Assad ava ku butegetsi. Mukaba muzi ko ubu Siriya aho yakiwe ibirwanisho vy’ubumara isigaye imeze nk’isake yanyagiwe. Barack Obama, ari mu yabira kuko akikijwe n’abatitega ko umuntu nka we ashobora gutorwa hama ayobore Amerika. Jewe nkavuga nti, iyo ataba Obama, Union Afrika (U.A) ntiyogiz’ico yopfa yarashitseko kiboneka ku neza ya Afrika. Ibiharawe ko Amerika ineka ibindi bihugu nk’uko vyari aho hambere du temps de la guerre froide avec la Russie, nta gishasha kirimwo. Ubugome na terrorisme bibwirizwa kuranduranwa n’imizi. Obama na Poutine, ni abakeba nk’uko abahutu babanye n’abatutsi. Certainement ko na twe tuzogir’ico tuvuze ciza/kibi kuri Nkurunziza, tunamugereranye n’abategetsi b’aka karere k’Ibiyaga Bigari/Region des Grands-Lacs hamwe n’abagize EAC (Est-African Community).