Accueil > Amakuru > Mu makungu > Rafael Korrea yatanguye ikiringo ciwe gishasha
 Rafael Korrea yatanguye ikiringo ciwe gishasha
 Rafael Korrea yatanguye ikiringo ciwe gishasha
				
				vendredi 24 Rusama 2013
Inyuma y’ikiringo c’imyaka itandatu yaramaze arongoye Equateur, umukuru w’igihugu Rafael Correa, yatanguye ikiringo gishasha c’imyaka ine. Abakuru b’ibihugu bagera kw’icumi bari i Quito mu birori vyo kumwimika.
Muri ivyo birori, Ubufaransa bwaserukiwe n’umushikiranganji w’ubutunzi n’ugufatana mu nda Benoît Hamon. Amaze gushikiriza ko ico kiringo ari icanyuma, Rafael Correa ari mu bihe bitamworoheye kuko iterambere mu butunzi kuva mu mwaka 1999 eka ndetse n’igiciro c’ibitoro caduze.
Rafael Correa yamenyesheje ko itunganywa rishasha ry’ubutunzi rishimikiye ku mitahe y’igihugu n’abanyagihugu. Amabarabara, amashure, ibitarurwa, ibibuga vy’indege, ibikorwa bikomakomeye vyongerekanye. Iryo tunganywa rishasha, abahinga mu vy’ubutunzi bita iterambere rya banyagihugu, rizofasha abakene.
Kubw’umushingwamanza Farith Simon, ni irya mbere imyaka 17 iheze umukuru w’igihugu amara ikiringo ciwe. Correa ni umukuru w’igihugu azoba amaze ikiringo kirekire ku butegetsi muri ico gihugu.
Nta mugambwe n’umwe kiretse uwiwe wari bwaronke abashingamateka nk’abo afise. Ni ikiringo ciza muri politike ariko kandi ni ikiringo gikomeye ku bijanye n’intwaro rusangi nyakuri.
Mu nama nshingamateka aho umugambwe wiwe ariwo uza imbere, ibindi bisata vya Leta, harimwo ubutungane, bitwarwa n’abandi begereye ubutegetsi. Rafael Correa yipfuza uyu munsi guhindura urugero mu mwimbu w’igihugu hamwe no gushiraho amahinguriro y’ubutare ku rugero rushemeye.
Floxella Karire
