Accueil > Amakuru > Mu makungu > Reta ya Amerika yagirijwe ko ataco iriko irakora ku nyifato y’Uburusiya
 Reta ya Amerika yagirijwe ko ataco iriko irakora ku nyifato y’Uburusiya
 Reta ya Amerika yagirijwe ko ataco iriko irakora ku nyifato y’Uburusiya
				
				mercredi 8 Ruheshi 2016, par
Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe za Amerika bamenyesha ko bahagaritswe umutima n’ukubona Reta ya Barack Obama ataco iriko irakora kugira ihagarike Uburusiya ku nyifato yabwo igayitse ku bihugu vya Ukraine na Georgia.
Abo bashingamateka bamenyesha ko kuva aho Uburusiya bufatanirije intara ya Crimea buyikuye kuri Ukraine, Amerika n’ibihugu vy’umuryango w’Uburayi bafashe ibihano bikomeye ku Burusiya.
Abo baserukira abanyagihugu ba Amerika bagaharitswe umutima n’uko Uburusiya bubandanya butera intambara, butubahiriza imbibe z’ibindi bihugu kandi bufata uturere tw’ibindi bihugu.
VOA ivuga ko ico kibazo kije mu gihe Amerika n’Uburusiya bariko bakorera hamwe mu kurwanya umuhari wa Reta ya Kiyisilamu muri Siriya.
Ni mu gihe kandi ivyo bihugu biri mu mugwi w’ibindi bihugu rutura vyagiye hamwe mu gufasha Siriya. Ariko Abategetsi ba Amerika bamenyesha ko Uburusiya bukora ibitero vyinshi ku barwanya Reta, aho kubitera abakora iterabwoba.
IGIHE

Messages
8 Ruheshi 2016, 12:42, par karorero
Aaaahh ndunva America igomba kuba amateka nibakinir kubandi nayo twebwe abalusia nibyaba ngombwa abarundi bumutima iyo ntambara tuzoyirwana nayibihano ntaco bizotugira kuko turikwij muri byose rero nimba mutagombako intambara yagatatu yisi yose kwiba America nicishe make ibyo yahora yigira mumyaka yakera ubu twayihagurukiy duti nirek kwigira surivu.murek haramb ubulusia nabashinwa kuko aribo badukuyeko abobazungu Burunde oooyeee!!!!.
9 Ruheshi 2016, 09:06, par Umusiguzi
amateka y’isi yaranzwe no kwisubiramwo. intambara ya 3 igomba kubaho, kandi ntahandi izova naho nyene. birya bihugu vyose : Amerika N’ubu Rusiya Biragayana Kandi Kimwe Cose Muri Ivyo Bihugu 2 Kirafise Ibindi Bihugu Bigishigikiye Kw’isi. Bivuze Ngo Birwanye Izoba Intambara Y’isi Yose.