IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Reta ya Chili yaranse ihohoshwa rya Maureira Valentina

Reta ya Chili yaranse ihohoshwa rya Maureira Valentina

lundi 2 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umukenyezi wa Bachelet yarishikiye gusuhuza Valentina Maureira aho arwariye mu bitaro. Uwo mwigeme w’imyaka 14 akaba yari yasavye uwo mukenyezi w’umukuru w’igihugu hamwe n’umukuru w’igihugu uburenganzira bwo gupfa bamuhohosheje.

JPEG - 67.7 ko
Umupfasoni w’umukuru w’igihugu ca Chili yishikiye gusuhuza Valentina

Mu kiringo c’isaha, Bachelet yagumye impande y’ako kana, n’abavyeyi biwe hamwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Carmen Castillo.
Reta ya Chili ikaba yaranse ivyo uwo mwana yasavye y’uko bomuhohosha. Ako kana k’akigeme kafashe terefone ngendanwa yako kaca kifata amajwi abavyeyi biwe batavyumva kaca kagira gati : "Ndasavye vyihutirwa ko novugana n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu cacu, kuko jewe ndarushe no kubana n’iyi ndwara." Aca abishira ku rubuga ngurukanabumenyi, ku muhora wa facebook. Ubwo butumwa bukaba bwazungurutse kw’isi nzima. Uwo mwana yasavye ko bomutera urushinge rwotuma aryama ubutikangura.

Reta ya Chili ikaba yarahakanye ivyo yasabwe, kuko amategeko atemera ko bahohosha abarwayi, nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi wa Reta ya Chili, Alvaro Elizalde.
Uwo muvugizi wa Reta akaba yamenyesheje ko Reta yiyemeje gukora ibishoboka vyose mu guha ako kigeme hamwe n’umuryango wako imfashanyo mu vyerekeye ba baganga baraba ivy’inyifato.

Tubibutse ko iyo ndwara arwaye ifata amahaha, igitigu, hamwe n’ibindi bihimba vyegeranye, ikaba yarahitanye n’umwe muri basaza we afise imyaka itandatu.
Se wiwe amuvyara nawe avuga ko ata kundi yogira, ati " "N’ukwubahiriza ingingo y’uwo mukobwa kuko niwe azi ububabare iyo ngwara imuteye muri kino gihe."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.