Accueil > Amakuru > Mu makungu > Reta Zunze Ubumwe za Amerika Zemeye Gufasha Igihugu ca Mali
 Reta Zunze Ubumwe za Amerika Zemeye Gufasha Igihugu ca Mali
 Reta Zunze Ubumwe za Amerika Zemeye Gufasha Igihugu ca Mali 
				
				vendredi 15 Ruhuhuma 2013
Umutegetsi akomeye aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika, mu karere ka Afrika, Johnnie Carson, yatangaje ko intambwe iz’arizo zose za gisirikare zizoshikwako, mu gihugu ca Mali, zizoba iz’igihe gitoyi, mu gihe hatazoba harabaho Reta iharanira demokrasi, itunganiriza Abanya Mali bose.
Icegera c’umunyamabanga wa ya Reta ya Amerika, Johnnie Carson, yabwiye umurwi wo mu nama nshingamateka ejo ku munsi wa kane, ko Reta yiwe, yiteguriye gufasha gusubira kugarukana umutekano, muri Mali mu kiringo kirekire kiri imbere.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika, busanzwe bushigikiye inteko z’igihugu c’Ubufaransa, zimaze ikiringo kirenga ukwezi, zirwana n’abarwanyi b’Aba Islamu, muri Mali.
Carson, yatangaje ko Amerika zafashije, mu gutanga indege zatwaye ibikoresho vya gisirikare, n’inteko z’Ubufaransa na Tchad, muri Mali.
Inteko z’Ubufaransa zinjiye mu gihugu ca Mali, mu kwezi guheze igihe abarwanyi b’Aba Islamu, bari bigaruriye igice co mu buraruko bw’igihugu ca Mali, mu mwaka uheze, batangura gutera bagana umurwa mukuru wa Mali, Bamako.
Sylvere Bavumiragiye
