Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sierra Léone : Abanyagihugu bazomara iminsi itatu badafata ingendo
 Sierra Léone : Abanyagihugu bazomara iminsi itatu badafata ingendo
 Sierra Léone : Abanyagihugu bazomara iminsi itatu badafata ingendo
				
				dimanche 7 Nyakanga 2014
Reta ya Sierra Léone yategetse abanyagihugu bose kuguma mu mihana iwabo kuva kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga gushika kuwa 21, mu ntumbero yo kurwanya ca kiza Ebola kibandanya gikwiragira.
Ico gihugu ca Sierra Léone kiri mu bihugu bitatu vyasinzikajwe n’indwara ya Ebola, impande y’igihugu ca Guinée hamwe na Libéria, aho abantu 491 aribo bamaze guhitwanwa n’ico kiza muri ico gihugu. Ico gihugu ca Sierra Léone kikaba gifise abantu bashika ku miriyoni 6, nk’uko ibiharuro vyasohotse mu mwaka w’2013 bibivuga.
Abo bategetsi rero bo muri Sierra Léone bakaba batoye ubwo buryo kugira barabe ko bohagarika ikwiragira ry’uwo mugera ryotuma hafatwa n’abandi, nk’uko bishikirizwa na  Ibrahim Ben Kargbo, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu mu murwi ujejwe kurwanya ico kiza Ebola. Iyo ngingo rero isigura ko ata muntu n’umwe canke imodoka bazosohoka, kiretse abazoba bari mu bikorwa vyo gutuza ico kiza. Iyo ngingo rero ikazofata umuntu wese. Abasanzwe bajejwe amagara y’abantu nabo, hamwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike azoba afise akazi ko kwinjira mu mazu basuzuma aho hose hoba hari umurwayi wa Ebola yoba atagiye ahabona.
Abasirikare n’abapolisi bakaba bamaze kwitegura kwubahiriza iyo  ngingo.
 
- Ibrahim Ben Kargbo, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu mu murwi ujejwe kurwanya ico kiza Ebola
Tubamenyeshe ko guhera mu ntango z’uno mwaka, ishirahamwe mpuzamakungu OMS rimenyesha ko iyo ndwara yahitanye abantu barenga 2000, ku 3944 bari bayirwaye muri vyo bihugu bitatu gusa.
Floxella Karire
