Accueil > Amakuru > Mu makungu > Strasbourg: Umugore yishe abana biwe.
 Strasbourg: Umugore yishe abana biwe.
 Strasbourg: Umugore yishe abana biwe.
				
				vendredi 17 Rusama 2013
I Ronchamp, umugore yubatse yishe abana biwe babiri abibije mu mazi yo mu bwogero «baignoire».Yakoze iryo bara kuko atashoboye kwihanganira ukugene batandukanye n’umugabo wiwe ariwe se w’abo bana. Ivyo vyavuzwe n’abajejwe ubutungane muri icogihugu.
Kubwa Jean-Francois Parietti, umushingwamanza w’i Vesoul, uwo mukenyezi w’imyaka 24 y’amavuka, ntazwi n’abajejwe imibano, ubwiwe, yarihamagariye abajejwe umutekano kuri uyu wa gatatu ku muhingamo igenekerezo rya 15 Rusama 2013.
Abajejwe umutekano basanze abo bana agahungu k’amezi umunani n’agakobwa k’imyaka ibiri n’igice, batwawen’amazi muri ubwo bwogero buri mu nzu uwo muryango wabamwo. Abo bana bakaba ata n’ikimenyetso na kimwe cerekana ko bishwe babanje gukorerwa amabi.
Uwo mukenyezi yarameze nk’uwataye ubwenge.
Yavuze gusa ko atihanganiye ukungene batandukanye n’umunega ariwe se w’abana, aca akora ico kibi kibishe yatwawe n’agashavu.
Akaba ataciriwe urubanza atabanje gusuzumwa, aca ajanwa mu bitaro vy’abarwaye mu mutwe. Sentare ica yugurura itohoza ry’iyicwa ry’abo bana babiri.
Mariella Bukuru
