IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sudani:El-Beshir yasubiye gutorwa kurongora igihugu

Sudani:El-Beshir yasubiye gutorwa kurongora igihugu

lundi 27 Ndamukiza 2015

Omar El-Bechir asanzwe arongoye igihugu ca Sudani yasubiye gutorwa ngo arongore igihugu ca Sudani.Ivyo vyamenyekanye inyuma y’iminsi cumi amatora abaye.

Umurwi utegura amatora mu gihugu ca Sudani,watangaje ko El-Bechir yasubiye gutorwa ku majwi 94.5 kw’ijana.Asubiye gutorwa kurongora igihugu iyindi myaka 5 inyuma y’imyaka 25 amaze ku butegetsi bw’ico gihugu,kuva mu mwaka w’1989.
Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 ndamukiza ,umukuru w’umurwi utegura amatora Mokhtar al-Assam yavuze ko Omar El-Beshir yatowe n’abantu 5 252 478,abitavye amatora nabo bayitavye ku bice 46,4 kw’ijana.

Amatora ahejeje kuba,intumwa z’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika zari zamenyesheje ko abitavye amatora bari bake,naho umurwi utegura amatora muri ico gihugu wari wongereje umunsi umwe wo gutora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.