Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Bachar al- Assad yiyamirije ibirego vy’Amerika
 Syria: Bachar al- Assad yiyamirije ibirego vy’Amerika
 Syria: Bachar al- Assad yiyamirije ibirego vy’Amerika
				
				lundi 9 Nyakanga 2013
Umukuru w’igihugu ca Syria, Bashar al Assad yahakanye ibirego vya Leta zunzubumwe z’Amerika bivuga ko yari inyuma y’ibitero vyakoreshejwe ibirwanisho vy’uburozi i Damasi mu kwezi gushize.
Mu kiganiro yahaye imboneshakure yo muri Amerika CBS, Assad yavuze ko niba ubutegetsi bwa Obama bufise ibimenyetso vyerekana ko Leta ya Syria ariyo yagize ivyo bitero, ko yovyerekana. Assad yabandanije avuga ko incuti za Syria zizokwivuna umwansi niba Leta zunzubumwe z’Amerika ibagizeko ibitero vy’indege za gisirikare kuri Syria.
Amakuru dukesha BBC Gahuzamiryango, avuga ko ikiganiro Assad yatanze, caje mu gihe abashingamateka ba Leta zunzubumwe z’Amerika bagiye gutangura kwiga ingingo yo kwemerera igihugu cabo kugira ibitero muri Syria. Kare, umushikiranganji wa Leta zunzubumwe z’Amerika w’ugufashanya n’ibindi bihugu John Kerry, yavugiye i Paris mu Bufaransa ko bagenzi be bo mu bihugu vyo mu muryango w’abarabu, bemeye ko ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’uburozi muri Syria ryarenze inkombe.
Aristide Nizigire
