Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Hamaze gupfa abantu bashika 93.000
 Syria: Hamaze gupfa abantu bashika  93.000
 Syria: Hamaze gupfa abantu bashika  93.000
				
				jeudi 13 Ruheshi 2013
Abantu bahururwa ku bihumbi 93 baramaze kwicwa muri Syria kuva intambara itanguye muri ico gihugu, hakurikijwe ibiharuro bishasha vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ico giharuro ciyongereye ku bantu barenga 30 kuva aho ONU yaherukira gusohora ibiharuro vyari vyerekeye ikiringo co gushika mu kwezi kwa Munyonyo umwaka wa 2012.
Abantu n’imiburiburi ibihumbi 5 bagiye baricwa buri kwezi muri Syria kuva mu kwezi kwa Mukakaro, nk’uko bivugwa n’urwego rwa ONU rujejwe ivy’agateka ka zina muntu. Ariko urwo rwego rwa ONU rukavuga ko ivyo biharuro biri hasi kuko rwibaza ko hari benshi bapfuye ariko batamenyekanye.
Abarenga 80 kw’ijana muri abo bapfuye bari abagabo,ariko ibiro vy’uwujejwe agateka ka zina muntu muri ONU bivuga ko vyanasanze hari abana 1700 bari munsi y’imyaka 10 bishwe.
Egide Nduwimana
