IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Ibitero vy’indege vyishe abihevyi barenga 200

Syria : Ibitero vy’indege vyishe abihevyi barenga 200

mardi 30 Nyakanga 2014

Inyuma y’indwi imwe ibitero vy’indege vy’urunani ruhurikiyemwo Washinton n’ibindi bihugu vy’abarabu bitanguye mu kurwanya Reta y’igislamu (Etat islamique) mu gihugu ca Syria, icegeranyo ca mbere cerekana ko abarenga 200 mu barwanyi bari mu murwi wa jihade bahasize ubuzima.

Ivyo bitero vy’indege vy’urwo runani bimaze guhitana benshi mu barwanyi ba Reta y’igislamu muri Syria, nk’uko ishirahamwe riraba agateka ka zina muntu muri Syria (Observatoire syrien des droits de l’homme) ribimenyesha.

Abashika 211 mu barwanyi ba jihade n’abanyagihugu 22 barishwe mu ndwi imwe gusa. Benshi muri abo bapfuye n’abari mw’ishirahamwe rya Reta y’igislamu, abandi bagera kuri 60 ni abarwanyi bo mu murwi Al-Nosra, ishami rya Al-Qaïda muri Syria, rizwi na Washington nk’ishirahamwe ry’iterabwoba.

Ibitero vy’indege bikaba bibera cane cane mu ntara za Alep, Raqa mu buraruko, Idleb mu buraruko bushira uburengero, Deir Ezzor mu buseruko, hamwe na Hassaka mu buraruko bushira ubumanuko.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.