Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Ukutumvikana hagati y’barwanya Leta
 Syria: Ukutumvikana hagati y’barwanya Leta
 Syria: Ukutumvikana hagati y’barwanya Leta
				
				jeudi 11 Ndamukiza 2013
Umukuru w’umurwi ukomeye w’abarwanya ubutegetsi bw’intagondwa z’Aba Islamu, mu gihugu ca Syria, baremeye icese kuyobokera umurwi al-Qaida ,mu vyakomeje ukutumvikana n’abarwanya ubutegetsi batari intagondwa, ku kungene boyobora igihugu ca Syria hamwe botembagaza umukuru w’igihugu Bashar al-Assad.
Umukuru w’umurwi Jobhat al-Nusra, Abu Mohammad al-Golani yemeye kuyobokera umukuru w’umurwi al-Qaida. Ayman al-Zawahiri mu butumwa kuri video bwashizwe ku mihora ngurukanabumenyi vy’uwo murwi ejo ku munsi wa gatatu.
Golani yaremeje kandi kw’umurwi wiwe waronse imfashanyo y’ibikoresho kandi ko wamenyerejwe n’umurwi ukorana na al-Qaida ufise icicaro mu gihugu ca Iraki., AQI.
Golani yarerekanye ko anezerejwe n’ivyaranguwe n’umurwi AQI, yamara yavuze ko atabanje kuvugana n’uwo murwi imbere yuko atangaza kw’iyo mirwi yose yagiye hamwe.
Umukuru w’umurwi AQI, Abu Bakr al-Baghdadi, yatangaje ivyerekeye urwo runani, mu butumwa butandukanye bw’amasanamu bwashizwe ku mihora ngurukanabumenyi, umunsi w’imbere yaho.
Mu ntango z’iyi ndwi, umuyobozi mukuru w’umurwi al-Qaida, Ayman al-Zawahiri, yararungitse ubutumwa bwiwe kuri bwabuhinga ngurukanabumenyi aho yasavye abarwanyi bose, b’aba Islamu mu karere gushira inguvu zabo hamwe kugira bashireho Leta yisunga idini rya Islamu mu gihugu ca Syria.
Floxella Karire

