Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria yemeye itohoza ku birwanisho vy’uburozi
 Syria yemeye itohoza ku birwanisho vy’uburozi
 Syria yemeye itohoza ku birwanisho vy’uburozi
				
				lundi 26 Myandagaro 2013
Umurwi w’abahinga ba ONU uhava utangura gutohoza ahavuzwe ko hakoreshejwe ibirwanisho vy’uburozi, vyahitanye abantu barenga 300 mu micungararo ya Damasi.
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubwongereza William Hague, avuga ko ibimenyetso bishobora kuba vyarasibanganijwe mu minsi itanu iheze kuva ico gitero kibaye ku munsi wa gatatu. Syria yegeka ico gitero ku bo yita abakora iterabwoba. Amakuru dukesha BBC Gahuzamiryango avuga ko ikigo c’ukumenyesha amakuru ca Leta catangaje ko ibikoreshwa mu birwanisho vy’uburozi vyatowe n’abasoda mu myobo ikoreshwa n’abarwanya Leta.
Imboneshakure ya Leta yamenyesheje ko buramatari w’akarere ka Hama, Anas Abdul-Razzaq Naem, yishwe ahitanywe n’igisasu catezwe mu modokari.Itangazo ryavuye mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Syria, rimenyesha ko leta yemeranije kur’uyu w’Imana n’userukira umurwi wa ONU ujejwe kwambura ibirwanisho, Angela Kane, ko intumwa arongoye zizotangura ico gikorwa c’itohoza ejo.
Iryo tangazo ryaciye ku mboneshakure y’igihugu rivuga kandi ko intambara zizohagarikwa ivy’agateganyo mur’ivyo bice.
Aristide Nizigire
