Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syriya:Jenerari Shalal yataye igisirikare
 Syriya:Jenerari Shalal yataye igisirikare
 Syriya:Jenerari Shalal yataye igisirikare
				
				mercredi 26 Kigarama 2012
Jenerari Abdul Aziz al-Shalal aravuga kw’igisirikare ca Syria kitariko kirakingira igihugu, ahubwo cahindutsemwo imirwi y’abicanyi.
Jenerari Shalal, ari nawe musirikare afise ipete rinini amaze kuva ku gisirikare ca Syria kuva hatanguye indyane mu myaka ibiri irangiye, bivurwa ko yagiye muri Turkiya.
Umwe mu bajejwe umutekano muri Syria aravyemeza ko bwana Shalal yahunze ariko akavuga yuko yari mu kuja mu karuhuko k’izabukuru, ari nayo mpamvu yikuye ku gisirikare kugira yiyerekane nk’intwari.
Mugisha Van Naris

Messages
27 Kigarama 2012, 01:45, par Bwana Kintu Muntu
byiza cyane bakomereze aho