Accueil > Amakuru > Mu makungu > Tunisie: Ali Laarayedh yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere
 Tunisie: Ali Laarayedh yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere
 Tunisie: Ali Laarayedh yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere
				
				vendredi 22 Ruhuhuma 2013
Uwahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tuniziya,Ali Laarayedh yaragenywe n’umugambwe wiwe Ennahdha kugirango asubirire Hamadi Jebari gutwara Leta.Yagenywe ku mutaga wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2013.
Uwo yahoze ari impfungwa ya politike,Ali Laarayedh yahora atwara muri Leta ya Hamadi Jebali ubushikiranganji aho yahohotewe,acungwa mw’ibanga muri 1990.Uwo muhinga mu bijanye no kugendera mu mazi,ava mu bumanuko bw’igihugu yarabaye umunyamabanga w’umugambwe w’abaislamiste Ennahdha imbere y’uko apfungwa imyaka 15 harimwo imyaka 10 yapfunzwe ari wenyene.
Igihe yinjira muri Leta inyuma y’amatora yabaye muri 2011 itariki 23 Gitugutu,Ali Laarayedh yameze nk’uwurengewe n’ivyariko biraba ariko yagumye arongoye ubushikiranganji naho bwari mu bwari bubangamiwe n’igiturire muri Tuniziya bivuye ku ntwaro y’agacinyizo ya Ben Ali.
Ariko Ali Laarayedh yarerekanye ko ari umushingantahe aho yasaba ko hoba kwubahiriza itegeko no kurishira mu ngiro.
Uwo mugabo w’imyaka 56 asanzwe ari mu baharanira agateka ka zina muntu afise igikorwa kidasanzwe kuko,Ali Laaerayedh ategerezwa kurondera umwizero imbere y’abanyagihugu,gukoresha inguvu kugira ubutunzi buzamuke,yongere ashikane igihugu ku matora azobera ku mugaragaro.Ategerezwa kandi kudakora yishimikije umugambwe aturukamwo canke kudafata ingingo yerekana ko yoba hari uruhande ahengamiyeko
Mugisha Van Naris
