IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkia : Umukuru w’igihugu yatanguje ikiringo c’ibihe bidasanzwe

Turkia : Umukuru w’igihugu yatanguje ikiringo c’ibihe bidasanzwe

jeudi 21 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Turkia, Recepp Tayyip Erdogan, yatanganje ikiringo c’ibihe bidasanzwe kizomara amezi atatu, kugira ubutegetsi bufatire ingingo ruhasha abagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi hakoreshejwe igisirikare mu ndwi iheze.

Erdogan, yatanguje isekeza ryo gufata abantu mu bice bitandukanye vy’akazi kuva habaye iryo geragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi, yavuze ko iyo ngingo yisunze ibwirizwa shingiro rya Turkia, ko atarenze ku mategeko canke ku kwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu ba Turkia.

JPEG - 206.6 ko
Recepp Tayyip Erdogan, umukuru w’igihugu wa Turkia

BBC ivuga ko ibihe bidasanzwe bizotangura gukurikizwa bimaze kumenyekanishwa mu bimenyeshamakuru vya Reta, biha uburenganzira umukuru w’igihugu na reta yiwe gukora akazi k’inama nshingamateka ko kwemeza amategeko mashasha, no gushinga akarimbi ntarengwa canke guhagarika vy’agateganyo bumwe mu burenganzira n’ukwishira n’ukwizana vy’abanyagihugu mu gihe vyoba bikenewe.

Erdogan yamenyesheje ivyo ku mboneshakure, ari imbere y’abashikiranganji biwe, inyuma y’inama yagiranye n’akanama kajejwe umutekano mu gihugu.

Mu yindi ngingo, abasirikare bo mu rwego rwa General bagirijwe kugira uruhara mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ryo mu ndwi iheze, haca hatangazwa ko abacamanza ba gisirikare n’abashikirizamanza nabo nyene bagirwako amatohoza.

Amashure menshi hamwe n’ibindi bisata vy’uburezi birugaye. Abigisha, ibihumbi n’ibihumbi vy’abasirikare, abandi bakozi ba Reta bo mu buzi butandukanye hamwe n’abandi benshi bari mu bagirizwa gushaka gutembagaza Reta, umugambi bavuga ko wari wateguwe n’umukuru w’idini aba mu gihugu ca Amerika, Fethullah Gulen.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.