Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya : Abashingamateka bahavuye bahana amakofe inyuma y’iyemezwa (...)
 Turkiya : Abashingamateka bahavuye bahana amakofe inyuma y’iyemezwa ry’itegeko
 Turkiya : Abashingamateka bahavuye bahana amakofe inyuma y’iyemezwa ry’itegeko
				
				dimanche 16 Ruhuhuma 2014
Mu gihugu ca Turkiya, abashingamateka bahanye amakofe mu ngoro y’amakoraniro, mu gihe hemezwa integuro y’itegeko batahurizako ari benshi.
Iryo tegeko ryabaye imbarutso yo guhana ingumu n’amakofe aho mu nama nshingamateka y’igihugu ca Turkiya, ikaba yari yerekeye guha ububasha bwinshi Reta, gushiraho abacamanza. Umwe mu bashingamateka atavuga rumwe na Reta, yakomeretse ku zuru, ava amaraso menshi, mu gihe uwundi nawe avuga rumwe na Reta, yakomeretse urutoke, ndetse rukaba rwanavunitse. Iyo nteguro y’itegeko, ikaba yatowe inyuma y’amasaha 20 hari impari zidasanzwe.
Abatavuga rumwe na Reta bavuga ko iryo tegeko rije gukingira abanyuruza amatunga ya Reta, mu gihe amatohoza ku barya ibiturire ashobora kuzingamikwa n’abo bacamanza baje kubakingira ikibaba, mu guhengamira kubabashizeho.
Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya Recep Tayyip Erdogan yagirizwa kuba ari inyuma y’iryo tegeko, amenyesha ko abamurwanya muri poritike aribo bariko baratera akajagari ku bijanye n’iryo tegeko.
Aristide Nizigire

Messages
16 Ruhuhuma 2014, 16:28, par PUU PUKU!!
Ingumu, iyindi, izuru, umunwa, urutoke.... hahahahaaaaaa!! Amenyo aragutwdenga ari ayawe ntibabeshe. None guhana ingumu nikwo bita guserukira abanyagihugu! Naho bavuga ko kugira ibidahurizwako ari kimwe mu biranga démocratie bene ivyo birababaje iyo bishitse mubo twari twita abatowe, abaserykira abandi. Ntibikaze iwacu kuko amazuru yoca yongera gukora ibara.!!