Accueil > Amakuru > Mu makungu > Turkiya: Yegereyegere yatumweko mu gihugu cose
 Turkiya: Yegereyegere yatumweko mu gihugu cose
 Turkiya: Yegereyegere yatumweko mu gihugu cose
				
				jeudi 6 Ruheshi 2013
Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko umugambi wo kwubaka ahasanzwe hari ikigo kibamwo ibikoko mu gisagara ca Istambul, uzobandanya naho wiyamirijwe habanje kuba yegereyegere ikomeye.
Yavuze ko abanyamacakubiri bahinduye imyiyerekano bayigira iyo kwiyamiriza Leta, kandi yari yatanguye ari iy’abakurikirana ivy’ibidukikije mu ndwi iheze. Erdogan ivyo yabivugiye i Tunis, akaba yaciye acira hagati urugendo yarimwo mu Buraruko bwa Afrika.
Mu gusubiza ijambo ry’umushikiranji wa mbere, umwe mu mirwi itegura imyiyerekano waciye uhamagaza imyiyerekano yagakura kuri uno mugoroba w’igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013 mu gihugu cose.
Aristide Nizigire
