Accueil > Amakuru > Mu makungu > U Bushinwa: Ikirere ca Beijing kirabangamiwe n’imyotsi mibi
 U Bushinwa: Ikirere ca Beijing kirabangamiwe n’imyotsi mibi
 U Bushinwa: Ikirere ca Beijing kirabangamiwe n’imyotsi mibi
				
				dimanche 13 Nzero 2013
Ikirere co ku murwa mukuru w’igihugu c’u Bushinwa Beijing kirabangamiwe n’imyotsi mibi bikaba bishitse ku rugero rutigeze gushikwako mu myaka iheze.
Ibipimo vya Reta y’u Bushinwa vyerekana ko abantu basigaye bahema impwemu zanduye cane ku buryo mbere abana n’abantu bakuze bahawe impanuro yo kuguma mu mazu yabo.
Aho i Beijing rero ngo haheze iminsi hari imyotsi myinshi mu kirere imeze nk’imyotsi iva mu makara bacukura ivanze n’imyotsi y’imodoka bigatuma mbere no mu mazu vyibonekeza ko umengo nta muco uriyo.
Imyotsi yonona ikirere ishobora gutuma haba indwara zo mu bihimba vyo guhema kandi bigatuma ibiharuro vy’abantu bahitanwa na kansere yo mu mahaha n’indwara y’umutima vyiyongera.
Twobamenyesha ko ivyo bimeze ukwo mu gihe igihugu c’u Bushinwa kigira kabiri mu bihugu bitunze kw’isi inyuma y’igihugu ca Reta Zunze Ubumwa za Amerika.
Mugisha Van Naris
