IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububiligi bwuguruye ikigo kizohungiramwo abagabo bakubitwa n’abafasha (...)

Ububiligi bwuguruye ikigo kizohungiramwo abagabo bakubitwa n’abafasha babo

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’Ububiligi, abagabo bakubitwa canke bahura n’ayandi mabi mu rugo, guhera mu kwezi kwa Ntwarante bagiye kuzoronka ikigo bazohungiramwo, kikazoba kiri mu karere ka Malines.

Ico kigo abo bagabo bazohungiramwo kikazoba ari naco ca mbere gifasha abashingantahe, ibigo vyose vyahahora vyakira abakenyezi gusa. Umugabo umwe kuri mirongo ibiri niwe yahohotewe mu rugo mu Bubirigi, mu mwaka uheze w’2014, ku mugore umwe kuri cumi, nk’uko biri mu biharuro vya Steunpunt Algemeen Welzijnswerk. Bikavugwa rero ko n’abagabo bashobora guhohoterwa n’abo bubakanye canke imiryango yabo.

Naho bivurwa cane ko abagore aribo bahohoterwa, ku rugero rwo hejuru n’abagabo babo, ubu ho uburorero butari buke buratanguye kwibonekeza ko n’abagabo nabo basigaye bahohoterwa.

Amwe mu mabi akorerwa abo bagabo nayo si ayandi, bavuga ko abakenyezi babo babata mu mazu, maze bakaja kurondera abandi bagabo, canke bagatwara abana batababwiye. Hari abavyara abana atari ababo, bagahora kuko atako baba bari bugire.
Aha twovuga kandi nk’ibijanye n’abagabo birukanwa mu ngo n’abapfasoni babo, abagabo barazwa hanze iyo batashe bwije bavuye mu bagenzi babo, abagabo baturubikwa n’abakenyezi babo, hari n’abakubitwa, abimwa ijambo mu rugo, abimwa ivyo gufungura n’ibindi.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.