Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ububirigi buranegura itegeko rishasha rigenga umwuga w’ukumenyesha (...)
 Ububirigi buranegura itegeko rishasha rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru
  Ububirigi buranegura itegeko rishasha rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru
				
				jeudi 6 Ruheshi 2013
Icegera c’umushikiranganji wa mbere w’ígihugu c’ububiligi akaba n’’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’úbubiligi n’ayandi makungu Didier Reynders ko babajwe cane n’iyemezwa ry’’itegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakurumu Burundi.
Amenyesha ko naho iryo tegeko ryari ryageragejwe guterwa ivyatsi n’abajejwe ibinyamakuru, abataho begamiye muvya poritike, abarundi hamwe n ’abanyamahanga.
Kubwa Didier Reyneders, iryo tegeko nk’uko ryemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi ngo rizotuma umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi usubira inyuma cane .
Biciye mwítangazo yashikirije ku musi wéjo igenekerezo rya 5 ruheshi 2013 ,aributsa ko iryo tegeko ridahuye n’agato nivyo igihugu ciyemeje mu gusinya amasezerano mpuzamakungu ajanye námategeko agenga abanyagihugu nívya poritike mu gihugu cacu
Akaba yizera ko abategetsi b’Uburundi bagiye kwitondera no kubanza gutora icatsi n’Ururo mw’Ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko mu kugira ntivyonone intambwe yarigezweko mu ntwaro rusangi hamwe no gusubiza hamwe kw ábarundi vyerekanywe mu nama zakozwe zategura amatora yo 2015.
Igihe bari mu nama ya yubile y’’ubumwe bwa afrika iya Addis abeba ,Didier Reynders akaba yaranashikirije nyakubahwa mugenzi we Laurent Kavakure amakenga bafise kuri iryo tegeko ry ábamenyeshamakuru.Didier Ronders aributsako igihugu ciwe c ’Ububiligi cashimangiye cane k’Ubwigenge bw’amakuru vyerekana umushinge wo kugarukana amahoro mu burundi. Ububiligi bukazokwama bukanura cane mu vyerekeye iterambere ry ívyerekeye amategeko azoshirwaho muri kazoza, nk’akarorero nk ítegeko rigiye gushirwaho rigenga amashirahamwe adaharanira inyungu.
Didier Reynders akaba amenyeshako abanyagihugu bugurutse kandi b’abakozi bakenewe cane mw’iterambere rirama mu Burundi.
Floxella Karire
