IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Abantu bitwaje inkoho biraye mu bantu bari mu kaguriro (...)

Ubudagi : Abantu bitwaje inkoho biraye mu bantu bari mu kaguriro barabarasa

samedi 23 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu umunani bapfuye abandi benshi barakomereka mu gitero cakozwe mu kaguriro kari mu gisagara ca Munich mu gihugu c’Ubudagi.

Amakuru atangwa n’ibinyamakuru vyo mu Budagi avuga ko ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu ariho abagabo bitwaje inkoho binjira mu kaguriro ka Oliympia gaherereye mu maja epfo y’igisagara ca Munich. Abo bantu bagenda barasa uwo babonye wese.

Umuvugizi w’igiporisi mu gisagara ca Munich yabwiye Reuters ko hashobora kuba hari abantu benshi bapfuye n’abakomeretse, ariko hamaze kumenyekana umunani gusa bapfuye.

Ntiharamenyekana uwoba ari inyuma y’ico gitero kibaye inyuma y’aho kuwa mbere umwimukira ateye abantu batanu bari muri gari ya moshi, ivyakozwe na Islamic State. Abanyagihugu b’i Munich basabwe kwirinda kuja mu mabarabara hamwe no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, n’ingendo zimwe zimwe zikaba zahagaritswe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.