IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi: Angela Merkel ashobora gusubira kwitoza kurongora igihugu ku ncuro (...)

Ubudagi: Angela Merkel ashobora gusubira kwitoza kurongora igihugu ku ncuro ya kane

lundi 3 Myandagaro 2015

Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi ashobora gusubira kurongora igihugu ku kiringo ca kane nk’uko vyatangajwe n’icegeranyo cashizwe ahabona n’ikinyamakuru Del Spiegel.

Ico kinyamakuru catangaje ko umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi yatanguye kugiriranira ibiganiro mu mpisho na bamwe mu bayobozi bUbudagi,mu gutangura ibikorwa nyezina vyo kwiyamamaza.

Nkuko kandi ico kinyamakuru cavyanditse, Angela Merkel yamaze kugirana ibiganiro na Peter Tauber, umunyamabanga mukuru w’umugambwe avamwo CDU ndetse akaba ari nawe azorongora ibikorwa vyo kumwiyamamariza.

Angela Merkel yiteguye kwiyamamariza kurongora uUbudagi mu mwaka w’ 2017 yahisemwo kumenyesha ko azokwitoza mu mwaka w’ 2016.

Yabaye umushikiranganji wa mbere w’ubudagi wa mbere w’umugore kuva mu mwaka w’ 2005. Aramutse arongoye Ubudagi ku kiringo ca 4, yoba abaye umwe mu barongoye ico gihugu igihe kirekire inyuma ya Helmut Köhl yatwaye igihuguimyaka 16 na Otto Von Bismark yagitwaye imyaka 19.

Ikinyamakuru Del Spiegel catangaje ko aramutse yitojeanta kibuza ko asubira gutsindira kuyobora igihugu mu gihe mubo bahanganye ariwe azwi cane kandi akundwa n’abanyagihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Afrika ntirikukira kandi abazungu baracatuzunguruka bongera batuzungagiza ariko sindabona icobaduhora

  • Ivy’uburundi murabbona!nn we ntiyoreker’abndi?ni barke abanyfrika twidgemvye.mbe ko museveni,kagame bamenyshej ko bazok8toza nind arvuga ngoya!arko muburundi amatati yadke?k1 imana niyo nkuru!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.