Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Umushikiranganji ku ntwaro ya Merkel yatanze imihoho
 Ubudagi : Umushikiranganji ku ntwaro ya Merkel yatanze imihoho
 Ubudagi : Umushikiranganji ku ntwaro ya Merkel yatanze imihoho
				
				samedi 15 Ruhuhuma 2014
Hans-Peter Friedrich, yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku ntwaro ya Angela Merkel akaba n’umushikiranganji w’uburimyi muri Reta nshansha ihurikiyemwo bose yatanze imihoho.
Mu gihe yari amaze amezi abiri gusa ashinzwe amabanga y’ubushikiranganji bw’uburimyi muri Reta nshasha ihurikiyemwo bose, kuri uyu wa gatanu wa 14 Ruhuhuma 2014, Hans-Peter Friedrich yaratanze imihoho.
Nk’uko bivurwa n’ibinyamakuru vyo mu Budagi, uwo mushikiranganji yoba yatanze imihoho kuko yagirizwa kubona yarahemutse mu kumena ibanga ry’itohoza y’ubutungane bwariko buragira kubijanye no gukinisha ibitsina ku bana bato, ku murongo ngurukanabumenyi.
 
- Hans-Peter Friedrich
Angela Merkel ntiyatevye guhaguruka kugire bige ico kibazo mu gihe atari bwanakire neza inyuma y’aho agiriye isanganya.
Ikindi naco Hans-Peter Friedrich yagirizwa, n’uko yoba yaramenye ibanga ku mukuru w’umugambwe w’aba democrate avuga ko mugenzi we bari kumwe mu mugambwe yoba ari mubamuhigira. Ivyo navyo Hans akaba yiyemerera ko yabikoze.
Angela Merkel akaba yasavye ko umushikiranganji Hans-Peter Friedrich yotanga imihoho. Ariko kandi akaba yaramushimiye ku bikorwa vyose vy’iterambere yaranguye.
Mukamenya ko hitezwe uwundi mushikiranganji aza gusubirira Hans-Peter Friedrich.
Mariella Bukuru
