Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Jean-Marc Ayrault yashinzwe ayandi mabanga
 Ubufaransa : Jean-Marc Ayrault yashinzwe ayandi mabanga
 Ubufaransa : Jean-Marc Ayrault yashinzwe ayandi mabanga
				
				vendredi 12 Ruhuhuma 2016, par
Inyuma y’aho Laurent Fabius, yahora ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu asezeye akava muri Reta y’Ubufaransa, umukuru w’igihugu François Hollande yamusubirije.
Jean-Marc Ayrault niwe aramutswa ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, ku myaka 66, akaba uwo yasubiririye yahawe ubuyobozi bw’inama nkuru ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.
 
- Jean-Marc Ayrault
Jean-Marc Ayrault yarigeze kuba umushikiranganji wa mbere muri Reta ya François Hollande nyene, aho akaba yari kuva mu mwaka w’2012 gushika mu mwaka w’2014.
IGIHE
