Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi: Umunsi mukuru wa Kumbh Mela
 Ubuhindi: Umunsi mukuru wa Kumbh Mela
 Ubuhindi: Umunsi mukuru wa Kumbh Mela
				
				dimanche 10 Ruhuhuma 2013
Ama miliyoni y’aba Hindu yagiye mu rugendo rweranda rwabereye mu migezi ya Ganges na Jamuna mu munsi mukuru bita Kumbh Mela.
Abo bantu bemera ko iyo bagiye kwoga muri ayo mazi bahanagurwa ivyaha vyabo bigatuma babona agakiza.
Umunyamakuru wa BBC yari ahari yavuze ko umugezi wose ugera ku bilometero bibiri canke bitatu wari wahindutse nk’ikiyaga c’abantu.
Ngo hari abategetsi bashika ku bihumbi bari baje gufasha mu gikorwa co gucungera umutekano no gushira abo bantu mu buryo.
Uyu munsi bita Kumbh Mela umara amezi atatu.
Abategetsi bavuze ko abantu bashika ku miliyoni cumi na zibiri aribo bari bitavye.
Munyembabazi Jean de Dieu

