Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi : Umusoda w’umuhindi yaciwe umutwe
 Ubuhindi : Umusoda w’umuhindi yaciwe umutwe
 Ubuhindi : Umusoda w’umuhindi yaciwe umutwe
				
				mercredi 9 Nzero 2013
Igisirikare c’u Buhindi cavuze ko umwe mubasoda babo babiri biciwe kumupaka bariko baraganira ivya Pakistani mu ntara ya Kashmir yaciwe umutwe n’abasirikare ba Pakistani. Ngo basanze imivyimba yabo bayiciyemwo ibice.
Kuwa kabiri, u Buhindi bwagirije Pakistani ko yarenganye ku mupaka ikagira ibitero ku butaka bwayo.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’u Buhindi, A.K.Anthony yavuze ko ibikorwa vya Pakistani biriko birabasomborotsa cane.
Pakistani ariko yarahakanye iyo myidogo, ivuga ko ari umugambi wo kubereka ko atarivyo kugira ngo abantu bavyibagire ivy’umusirikare wa Pakistani yishwe mu ndwi iheze.
Grâce Irimbere
