Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuholande bwaronse umwami mushasha
 Ubuholande bwaronse umwami mushasha
 Ubuholande bwaronse umwami mushasha
				
				mardi 30 Ndamukiza 2013
Umwamikazi Beatrix w’Ubuholande yasubiriwe ku ngoma n’umuhungu wiwe Willen-Alexander.
Umwamikazi Beatrix, afise imyaka 75 y’amavuko, yari amaze imyaka 33 ku ngoma y’Ubuholande.
Umuhungu wiwe, igikomangoma Willem-Alexander, afise imyaka 46, niwe yabaye umwami w’Ubuholande. Abanyaholande benshi bambaye impuzu z’amabara y’ibendera ry’igihugu bari benshi mu mabaarabara y’i Amsterdam kugirango berekane umunezero bafitiye umwamikazi Beatrix bakundaga cane.
Umwamikazi Beatrix akaba yashatse kubahiriza umugenzo usanzwe mu Buholande wo kurekera ubwami abakiri bato.
Aristide Nizigire

