IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwagumijweko ibihano bwafatiwe n’Ubumwe bwa Buraya

Uburusiya bwagumijweko ibihano bwafatiwe n’Ubumwe bwa Buraya

mercredi 22 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Buraya waremeje ko ugumijeho ibihano vy’ubutunzi wafatiye Uburusiya, mu kindi kiringo c’amezi atandatu, bivanye n’intambara yo muri Ukraine itarahagarara, kandi Uburusiya bukaba bufisemwo uruhara.

Abaserukira ibihugu 28 bigize uwo muryango nibo bafashe iyo ngingo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruheshi 2016.

Amakuru ava mu baserukira ibihugu bigize uwo muryango i Buruseli, amenyesha ko inama y’abashikiranganji b’ivyo bihugu itegekanijwe ku musi wa gatanu mu gihugu ca Luxemburg, izobanza nayo nyene kwemeza iyo ngingo.

Mu ndwi iza naho abakuru b’ibihugu bace bakorana kugira iyo ngingo bayemeze burundu.

Ivyo bihano bishimikiye ku bisata vy’ibitoro, ubutunzi hamwe n’ukwivuna umwansi, bikaba vyari bitegekanijwe ko bihagarara mu mpera z’ukwezi kwa ndwi.

Mu gihe vyokwemezwa, vyoca bibandanya gushika mu kwezi kwa mbere umwaka w’2017.


IGIHE

Messages

  • Ibihugu vya Bulaya bitisubiyeko mugihe kitarenze umwaka wa 2018 buragira ibibazo butaribwigere bubona kuva intambara yakabiri y’Isi iheze.

  • NDAGOMBA NDABABARIRE NIBIHANGANE

  • ABABIPFA NABABISANGIY! NIMURYANE

  • ABABIPFA NABABISANGIY! NIMURYANE

  • Ahubwo nibabikomeze gose barebe ko boshiraho nibindi kuko uburusiya nibwo buriko burafasha nkurunziza nakarwi kiwe kutumarira abacu jewe mbona bikwiyeko nintwaro yuburusiya ikwiye gutembagazwa kuko ntaho itaniye nabakora ibitero vyiterabwoba ikindi nuko uburusiya bukwiye kwirukanwa mukanama ka ONU gashinzwe umutekano kuko aribwo buboheye amaboko imugongo abarundi mukwankako horungikwa inteko ziza gutabara abarundi bariko baricwa na nkurunziza nakarwi kiwe nokumuhagarika kubundanya yigira akagarama ruganda ikindi nuko uburusiya bobuhagarika gushora ikirwanisho nakimwe

  • None ga basha none rya dollarrs bobo bazoriduha bariuiye hehe. WAAA. Wait and se. umuzungu sumwana nayo uwihenda ngo arahiga na we ni juju.

  • @igiceri (tari). Impengeri zi Mahama zikugezehe? Imiti yabasazi worangije kuyinywa se. Uri igikwangari 100/100

  • Ivyo bihano nibabikomeze gose bishobotse banavyongereze,kuko ubwicanyi buriko burakorwa ngaha muburundi,baswazwe babifisemwo uruhara runini cane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.