IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwashavuriye bikomeye igihugu ca Turkiya

Uburusiya bwashavuriye bikomeye igihugu ca Turkiya

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Indege y’ingwano y’Uburusiya yo mu bwoko Su-24 yarashwe iri mu kirere ca Syria, ivyababaje umukuru w’igihugu c’Uburusiya yabiteye ivyatsi kandi akavuga ko ababajwe n’iryo raswa na Turkiya ry’indege y’intambara y’igihugu ciwe.

Umukuru w’igihugu Vladmir Putin yamenyesheje ko ivyabaye bifatwa nk’ugusogota inkota mu mugongo Uburusiya. Iryo raswa ry’iyo ndege rikaba ryakozwe n’abashigikiye abakora iterabwoba. Vladmir Putin amenyesha ko ivyabaye bizogira ingaruka zikomeye cane.

JPEG - 869 ko
Vladmir Putin, umukuru w’igihugu c’Uburusiya

Ku ruhande rwa Turukiya, ico gihugu kimenyesha ko indege z’intambara z’ico gihugu zarashe iyo ndege y’Uburusiya zimaze kuyigabisha kenshi ko yavogereye ikirere ca Turkiya.


IGIHE

Messages

  • Abobamenja ba usa nibo babikoze mugabo barabuze aho bakinira uburusiya ntibabufate nkuburundi ndazi abarusiya sabana bazotegetezwa kwihora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.