Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya bwihoye ibihugu vyabafatiye ibihano
 Uburusiya bwihoye ibihugu vyabafatiye ibihano
 Uburusiya bwihoye ibihugu vyabafatiye ibihano
				
				vendredi 8 Myandagaro 2014
Igihugu c’Uburusiya, inyuma y’ugufatirwa ibihano n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, cafashe ingingo yo kwankira kwinjira ibifungurwa nka vyose vyahora vyinjira mu gihugu c’Uburusiya, bivuye i Buraya, Amerika n’ahandi.
Iyo ngingo y’igihugu c’Uburusiya yaje nk’iyihora ivyo bihugu vyaheruka gufatira ibihano ruhasha muvy’ubutunzi igihugu c’Uburusiya, kubera ikibazo ca Ukraine.
Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitry Medvedev, yamenyesheje ko Uburusiya butazokwemera ko hinjira ibifungurwa bimwe bimwe nk’inyama, amafi, ivyamwa, imboga hamwe n’ibihingurwa mu mata vyose.
 
- Dmitry Medvedev, umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya
Muri iyo ngingo y’igihugu c’Uburusiya, ibifungurwa vyankiwe kwinjira ni ibizoba bivuye mu bihugu vy’ishirahamwe rya Buraya, Reta zunzubumwe za Amerika, Canada hamwe na Norvege. Ivyo bifungurwa bizoreka kwinjira mu kiringo kingana n’umwaka wose.
Mwomenya ko naho igihugu c’Uburusiya cafashe iyo ngingo, gisanzwe gikenera hanze y’igihugu ica gatatu c’imfungurwa zitunze abanyagihugu baco. Abahinga muvy’ubutunzi bakabona ko ico gihugu c’Uburusiya kizoca gikenera ahandi gikura ivyo bifungurwa bisubirira ivyo vyahora biva mu bihugu vy’ishirahamwe rya Buraya, Reta zunzubumwe za Amerika, Canada hamwe na Norvege vyabujijwe kwinjira. Mu ngaruka za mbere zishobora guca zibonekeza, n’uko ibiciro vy’ibifungurwa muri ico gihugu bishobora guca biduga.
Egide Nduwimana

Messages
8 Myandagaro 2014, 14:03, par Tubirabe
Aba Rusiya nibakomere kumuheto baronderere,ahandi bakura izofungurwa samafarangayanyu mwabaha nabandi barazifise muzobashorera.Harya nivyobihugu vyaburayi bizogirwako ingaruka ntibazoba bacinziza amahera batora kuburusiya.Ahubwo uburusiya bufatanye na Iran na chine eka naha iwacu muri afrika barabe ibihugu bitwagwa nabagabo bijunja bifatanye narumvise nka Afrika y,epfo ko bafatanye.
8 Myandagaro 2014, 15:27, par ejoniheza
ivyo bihugu biriko birakina imikino nkiyabana bato barakwiy kumenya ukuri kandi ukuri kuzobaha kwidegmvya