Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Hatowe urucanco rurwanya abahuza ibitsina babisangiye
 Uburusiya : Hatowe urucanco rurwanya abahuza ibitsina babisangiye
 Uburusiya : Hatowe urucanco rurwanya abahuza ibitsina babisangiye
				
				lundi 19 Rusama 2014
Mu bushakashatsi buheruka kwerekanwa n’ibihangange vy’abarusiya, haheruka gutorwa urucanco rukinga ugushaka guhuza ibitsina ku babisangiye, mu gihe baruhawe bakiri bato.
Mu cirwa cakozwe n’abashakashatsi bo mu kigo gisanzwe cigisha ivy’ubuvuzi mu gisagara ca Novosibirsk, kiyobowe na Dr Dimitri Yuscrokov Slamini, bavuga ko batoye urucanco rukingira abahuza ibitsina babisangiye, mu gihe borwiteza bakiri bato, bamaze kwerekana ibimenyetso vyabo.
Nk’uko umurongo ngurukanabumenyi « world news daily report » ubivuga, ubwo bushakashatsi bwiswe « antidote », abarukoze bakaba bisunze ku bwari bwarakozwe mu mwaka w’1959.
Ivyavuye muri ubwo bushakashatsi bwakozwe, bikaba bitanezereje amashirahamwe y’ababana bahuje ibitsina bo hirya no hino kw’isi, naho hari ibihugu bimwe bimwe vyo kw’isi vyagaragaje ko bishigikiye ivy’urwo rucanco.
Ibihugu vya Iran, Ubushinwa na Arabiya Saoudite bikaba arivyo vyabaye ivya mbere mu kugaragaza ko bishigikiye ivyavuye muri ubwo bushakashatsi.
Mwomenya ko abashakashatsi bo muri Reta zunze Ubumwe z’Amerika no mu bihugu vy’iburayi bagaragaje ko batizeye ivyavuye muri ubwo bushakashatsi bwakozwe n’abarusiya.
Mariella Bukuru

Messages
20 Rusama 2014, 18:10, par ntiwihebure
None ko dusanzwe tuzi ko urucanco rukinga indwara, muri make ko bemeje neza ko abahuza ibitsina babisangiye baba barwaye. Iyo ndwara yoba yitwa gute, ifatira hehe, iterwa n’iki? hamwe vyoba biri uko rero, bonarondera igituma hari ibihugu yiganjemwo n’ibindi bitayizi; bakamenya ko iyo ndawara yoba ifata imirwi y’abantu imwe imwe (canke bamwe gusumba abandi), ko vyoba biva aho baba canke kuvyo bafungura bitandukanye.
Twoba turabakeza vy’agateganyo mukurindira ko barwerekana neza bakanarukwiragiza hose rukagira ico rufashije isi yariko isa n’iyiyahura. Batore n’uburyo bwo kugarura abo bantu bamaze kwandura ako karanda ntibabandanye banduza abandi.