Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya n’Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya
 Uburusiya n’Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya
 Uburusiya n’Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya
				
				samedi 30 Ntwarante 2013
Ubushinwa n’Uburusiya vyasavye impande zombi zihanganye muri Korea kwigumya ngo ntihaduke intambara mbi cane.
Ivyo bisabwe nyuma y’aho umukuru wa Korea y’uburaruko, Kim Jong-un, ateguriye ibisasu vya misile birasa kure mu kwitegurira gutera ibirindiro vya Amerika, abanye Amerika nabo bakagurukana indege za B-2 zitera ibisasu, mu mwimenyereza muri Korea y’ubumanuko.
Uburisiya bwavuze ko ivyo bwise ibikorwa vy’uruhande rumwe, biriko biratuma haba ibikorwa vyinshi vy’igisirikare.
Korea y’uburaruko imaze kurungika ubutumwa bwinshi bugabira intambara, mu kwishura ku myimenyerezo ya gisirikare ya Amerika na Korea y’ubumanuko, hamwe n’ibihano bishasha vya ONU.
Mariella Bukuru
