Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Umugabo yacumise abana bane kw’ishure
 Ubushinwa : Umugabo yacumise abana bane kw’ishure
 Ubushinwa : Umugabo yacumise abana bane kw’ishure
				
				samedi 27 Nyakanga 2014
Umugabo yitwaje imbugita yishe abana bane kuri uwu wa gatanu, kw’ishure ry’intango riri mu bumanuko bw’igihugu c’Ubushinwa. Ubwo bwicanyi busa nk’ubwo akaba atari ubwa mbere bubaye, nk’uko ikinyamakuru c’igihugu c’Ubushinwa kibimenyesha.
Uwo mwicanyi yaronderwa cane, yacumise abo bana bari mu nzira ijana kw’ishure, mu gisagara ca Pingshan mu karere kigenga k’i Guangxi, nk’uko igiporisi c’ako karere kibivuga biciye ku kinyamakuru c’igihugu. Batatu muri abo bana bakaba bapfiriye aho nyene, uwa kane yari asigaye akaba yapfuye ashitse ku bitaro.
Ubwo bwicanyi sibwo bwa mbere bubaye
Kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga, umugabo yitwaje imbugita yarishe abanyeshure batatu n’umwigisha kw’ishure riri mu ntara yo hagati ya Hubei. Vyateye umubabaro mwinshi mu gihugu kuri uyo munsi wo gutangura amashure. Uwo mwicanyi, yakomerekeje benshi, yaciye yiyahura inyuma y’ivyo.
Igihugu c’Ubushinwa kimaze kubona amabi menshi y’ubwicanyi busa n’ubwo bubera mu mashure, bigatera agahinda kubera buguma bwikurikiranya. Mu kwezi kwa Rusama, umugabo yaracumise abana umunani kw’ishure ry’intango riri hagati mu gihugu, akoresheje imbugita, umwe muribo akaba yarakomeretse cane gose.
Mu mwaka w’2010, mu bwicanyi busa n’ubwo, abantu 17 barishwe, harimwo abana 15, abashika 80 barakomereka.
Nadège Irakoze

Messages
28 Nyakanga 2014, 06:50, par ninjimbere olidiene
bt ndininjimbere olidiane ndahojej .ubushinwa kumabiya.bwakore wemumashure nimwihangane murakoze mbeiyumuntuyishuwundiyiyumviriki?ndakunda bashinwa kuko nabantu bito nda ok