Accueil > Amakuru > Mu makungu > UButariyano: Silvio Berlusconi yakatiwe gufungwa umwaka
 UButariyano: Silvio Berlusconi yakatiwe gufungwa umwaka
 UButariyano: Silvio Berlusconi yakatiwe gufungwa umwaka
				
				jeudi 7 Ntwarante 2013
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubutariyano, Silvio Berlusconi, yakatiwe gufungwa umwaka umwe muri rumwe mu manza aregwamwo ivyaha.
Yahamwe n’icaha co gutanga inzandiko z’ibanga z’igipolisi, akaziha ikinyamakuru gifiswe n’umuryango wiwe mu ntumbero yo gusiga iceyi uwo bahiganwa muri politike.
Uwunganira bwana Berlusconi vyitezwe ko yunguruza kuri iyo ngingo, kandi ntivyitezwe ko ajanwa mw’ibohero.
Ariko abanyamakuru bari mu Butariyano bavuze ko uru rubanza rwononye cane isura ya Berlusconi mu gihe imigambwe igiharira ku vyavuye mu matora rusangi aheruka.
Mu rundi rubanza bwana Burlusconi yagirizwa kuriha umumaraya adakwije imyaka, urwo rubanza rukazosomwa mu mpera za kuno kwezi mu muji wa Milan.
Joel Sengurebe
