IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani: Abasirikare b’Amerika bariyamirijwe

Ubuyapani: Abasirikare b’Amerika bariyamirijwe

lundi 20 Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

Mu gihugu c’Ubuyapani, abantu baharurwa mu bihumbi barakoraniye hamwe mw’izinga ry’I Okinawa ejo kuwa mungu mu myirekano basaba abasirikare ba Leta zunze ubumwe z’Amerika kwugara inkambi yabo ir’aho.

N’inyuma y’aho haheze amezi ibinyamakuru vy’ico gihugu bitangaza amakuru anegura inyifato itabereye ya bamwe mu basirikare b’Amerika ko banywa inzoga ziboreza bari ku mirimo.

Igisirikare c’Amerika kirwanira mu mazi, mu ntango z’uku kwezi kwa gatandatu cari cafashe ingingo yo kubuza abasirikare baco bari mu Buyapani kunywa inzoga ziboreza no kwiyerereza, hanze y’inkambi yabo.

Umusirikare umwe yarafashwe inyuma yaho akomerekeje abantu babiri mw’isanganya yateye ariko atwarira imodoka ku ruhande rutari rwo bituma agonga izindi modoka zibiri.

Ico gihe Abasirikare bose b’Amerika bari mu Buyapani baciye babuzwa burundu kunywa inzoga ziboreza.

Izinga rya Okinawa niryo ryabereyemwo intambara hagati y’Amerika n’Ubuyapani yahitanye abantu benshi mu ntambara ya kabiri y’isi yose, bica bituma Amerika igumiza abasirikare bayo muri ryo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.